Intumwa z’abatalibani zirongowe n’umushikiranganji w’imfatakibanza ajejwe imigenderanire y’Afuganistani n’ayandi makungu, Amir Khan Muttaqi, kuri uno wa Mungu zatanguye ibiganiro n’ibihugu biteye imbere.
Ivyo biganiro bizomara imisi itatu biriko bibera i Olso ku murwa mukuru wa Norvege. Vyatumiwemwo kandi abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Afuganisitani, abakorera mu gisata c’Ubutunzi baje bava mu bihugu bitandukanye, n’izindi mpande zerwa n’ikibazo ca Afuganistani.
Bimwe mu bizorimburirwa muri ivyo biganiro, harimwo icuka kiri muri Afuganistani, ivy’agateka ka zina muntu n’ibindi bisata nkora mutima mu buzima bw’igihugu.
Ibiganiro bizoba mu kanywababu k’abavyitabiriye gusa. Kuri uno wa Mungu, abatalibani babanje bahura n’abaharanira agateka ka zina muntu, abakorera mu vy’agateka k’abapfasoni muri Afuganistani n’abanyafuganistani bakorera muri ico gisata mu bihugu bitandukanye.
Icegera c’umushikiranganji ajejwe ivyo gutanga amakuru n’akaranga muri Afuganistani mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yavuze ko Reta arimwo yizeye y’uko ibiganiro vyatanguye uno musi bizogira ico bivamwo, kandi ko ari umuryango wugurutse mu kunagura imigenderanire n’umugabane wa Buraya.
Reta y’Abatalibani yizeye ko ibiganiro bizohera yashoboye kugondoza Amerika n’ibindi bihugu bitunze bikarekura amahera agera ku ma miriyaridi cumi y’amadorali, ivyo bihugu vyazibiye kubera kwagiriza Afuganistani ukutubahiriza agateka ka zina muntu.
Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu bihugu biri mu biganiro vy’abatalibani n’impande zitandukanye i Oslo muri Norvege. Oslo ni igisagara gifise amateka mu biganiro vya diplomasiya y’ibihugu birimwo ibiganiro vy’amahoro nk’ivyaranze Mozambike, Venezuela, Colombiya, Filipine, Isirayeri, Palestina, Siriya, Mynmar, Somaliya, Sudani na Sri Lanka.
Facebook Forum