Uko wahagera

HRW Isaba Mali Gutohoza ku Bwicanyi Bukorerwa Abasivile


Abarwanyi b'umuhari Azawad mu ntara ya Meneka muri Mali
Abarwanyi b'umuhari Azawad mu ntara ya Meneka muri Mali

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Human Right Watch ryagiriza abasirikare ba Mali hamwe n’abajihadiste ubwicanyi bw’agahomerabunwa kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri muri ico gihugu co mu karere ka Sahel. HRW risaba reta ya Mali gutohoza kuri ubwo bwicanyi.

Raporo y’iryo shirahamwe yitezwe kuja ahabona ku musi wa gatatu ivuga ko abasivile 107 barimwo abadandaza, abakuru b’imitumba n’abana baheruka kwicwa mu bice vyo hagati no mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Umwenegihugu ari mu babajijwe na HRW yavuze ko n’abasirikare b’abazungu bari mu bagirizwa ubwo bwicanyi, ariko iyo raporo ntiyatanze umwidondoro w’abo basirikare abo ari bo.

HRW yavuze ko reta yayemereye ko abajandarume buguruje amatohoza kuri ivyo vyagiriji bigaragara muri iyo raporo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG