Uko wahagera

ONU Isaba Umuhora w'Imfashanyo muri Ukraine


Martin Griffiths, umuyobozi w'igisata co gutabara ca ONU, aganira n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU, i New York, kw'itariki ya 28/9*2021
Martin Griffiths, umuyobozi w'igisata co gutabara ca ONU, aganira n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU, i New York, kw'itariki ya 28/9*2021

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba umuhora wo gucishamwo imfashanyo zija mu bice birimwo intambara muri Ukraine.

Umuyobozi w’urwego rwa ONU rw’ubutabazi, Martin Griffiths, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko abasivile mu bisagara nka Mariupol, Kharkiv, Melitopol n’ahandi bakeneye imfashanyo zihutirwa, cane cane imiti.

Iyi nama yakoranye mu gihe Ukraine n’Uburusiya bari mu biganiro vyo ku ncuro ya gatatu yo guca umuhora w’imfashanyo. Ariko Uburusiya bwavuze ko butaronse ivyo bwari bwiteze muri ivyo biganiro.

Griffith asaba ko impande zose zirwana zikwiye gukingira abanyagihugu n’inyubakwa zabo mu gihe barasana ibisasu muri Ukraine. Yavuze ko ONU yarungitse intumwa zayo i Moscou, mu mubonano n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG