Igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, kivuga ko kimaze gutororokanya impunzi zirenga umuriyoni 1.534.000 zahunze Ukraine, ziyongereye 166.000 ku bari batangajwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi iheze.
ONU itegekanya ko izo mpunzi zishobora kwiyongera mu gihe igisirikare c’Uburusiya kibandanya cinjira hagati muri Ukraine aho kiriko cegereza umurwa mukuru Kiev.
Komiseri wa HRC, Filippo Grandi, yavuze ko impunzi zirenga umuriyoni 1.5 zajabutse mu bihugu bibanyi mu misi 10 iheze. Avuga ko ari zo mpunzi nyinshi zihunze ku mugabane wa Buraya kuva intambara ya kabiri y’isi itera.
Kubwa ONU, imiriyoni zine z’abantu bashobora guhunga intambara yo muri Ukraine.
Igihugu ca Polonye, nico cakiriye impunzi nyinshi z’abanyaukraine kandi umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yashitseyo ku musi wa gatandatu kuganira n’abategetsi b’ico gihugu.
HCR yavuze kandi ko abantu barenga gato 157.000, bangana igice kimwe kw’icumi, bahisemwo kubandanya mu bindi bihugu vya Buraya inyuma yo kurengana umupaka wa Ukraine.
Facebook Forum