Reta ya Perezida wa Amerika Joe Biden yafashe ingingo y’agateganyo yo kubangira gutahukana abanyaukraine baba muri Amerika baharurwa mu bihumbi batahawe ubuhungiro kandi bari ku rutonde rw’abazotahukanwa iwabo. Reta yabemereye kandi uburenganzira bwo gukora kuko badashobora gusubira iwabo muri iki gihe c’intambara. Ibi vyavuzwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bw’intwaro mu gihugu hagati.
Iyi ngingo ibemerera ko ku kuva kw’itariki ya mbere y’ukwa gatatu bazoguma muri Amerika bongere bahakorere mu buryo bwemewe n’amategeko mu kiringo c’imfatakibanza c'amezi 18.
Ni mu gihe abanyaUkraine barenga umuriyoni bahunze kandi batanguye gushika mu bihugu vyo mu Buraya yo hagati kuva Uburusiya butera Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwa kabiri, mu co Uburusiya bwise igitero ca gisirikare kidasanzwe.
Ishirahamwe rya Buraya naryo nyene kuri uyu wa kane ryemeye gukingira ivy’agatekanyo impunzi zihunga intambara yo muri Ukraine, mu gihe impunzi zishika umuriyoni ziriko zirafashirizwa muri Rumaniya.
Abashikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati b’iryo shirahamwe bemeranije mu mubonano wabahuje i Buruseli mu Bubirigi gukingira ivy’imfatakibanza abagize ibibazo vy’intambara muri Ukraine.
Umushikiranganji w’Ubufaransa w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gerald Darmanin yavuze ko iyi ngingo izokora ku banyaUkraine hamwe n’imiryango yabo bajabuka mu bihugu vya Buraya, hamwe n’uwo wese yari asanzwe ari impunzi muri Ukraine. Impunzi ziva muri Ukraine n’imiryango yabo zizohabwa uburenganzira bwo kuba i Buraya no kwiga mu kiringo c'imfatakibanza c’imyaka ibiri.
Mu bihe abo bashikiranganji b’intwaro mu gihugu hagati bari mu mubonano kuri uyu wa kane, komiseri mukuru w’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen yavuze ko Uburaya bwategekanije ikigo co gufashirizamwo impunzi muri Rumaniya, kimwe mu bihugu bine vya Buraya bisangiye umupaka na Ukraine.
@AFP
Facebook Forum