Abarobeli bo mu ntara ya Tigre ya Etiyopiya bavuze kuri uyu wa kabiri ko basotowe biba ngombwa ko bagaba igitero ca gisirikare mu ntara bihana urubibe ya Afar.
Uburongozi bw’umuhari TPLF bwavuze ko kuva mu gitondo co ku musi wa mbere vyabaye ngombwa ko bahangana n’abarwanyi bo mu ntara ya Afar bashigikiwe na reta ya Etiyopiya. Igisirikare ca Tigre kivuga ko ata mugambi gifise wo kuguma mu ntara ya Afar kandi kitipfuza ko intambara zongera kwaduka ku rugero runini.
Ibi bibaye haheze ukwezi, inteko za TPLF zitangaje ko zakuye abasirikare babo mu ntara za Afar na Amhara, ahatanguriye intambara yahuje abo barobeli na reta ya Etiyopiya mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020.
Ivanwa ry’abasirikare ba TPLF muri izo ntara vyari vyaratanze icizere c’uko intambara igiye guhagarara. Iyi ntambara yahitanye abaharurwa mu bihumbi, isiga abandi mu nzara n’ubukene butagira izina.
Ariko mw’itangazo ryo kuri uyu wa kabiri, umuhari TPLF wavuze ko inteko zo mu ntara ya Afar zishigikiwe na reta zongereje ibitero ku birindiro vyabo mu misi iheze. TPLF wavuze ko ibi bitero bigamije guhungabanya ibikorwa vyo gutanga imfashanyo n’umutekano mu murwa mukuru wa Tigre, Mekele, uri ku birometero 50 uva ku rubibe n’intara ya Afar
Facebook Forum