Uko wahagera

Biden Aragabisha Putin mu Gihe Uburusiya Bwofata Ukraine


Perezida Joe Biden aganira na mugenzi w'Uburusiya, Vladimir Putin
Perezida Joe Biden aganira na mugenzi w'Uburusiya, Vladimir Putin

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yabwiye mugenzi we w’Uburusiya, Vladimir Putin, ko Amerika hamwe n’ibihugu vya Bulaya bicuditse batewe impungene bikomeye ku bwinshi bw’abasirikare b’Uburusiya ku rubibe na Ukraine. Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze kandi ko batazohengeshanya gufata ibihano ruhasha muvy’ubutunzi mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine.

Perezidanse ya Amerika ntaco yavuze ariko ku coba cavuzwe na Perezida Putin. Ariko yavuze ko abo bategetsi babiri bemeraniye gushinga umugwi uzokurikirana ivyaganiriwe kandi Amerika ivuga ko ivyo Amerika izobanza guhanuza ibihugu bicuditse.

Uburusiya ntaco bwavuze nimba perezida Putin yoba hari ico yashikirije inyuma y’uwo mubonano. Perezidanse ya Amerika yavuze kandi ko abo bategetsi baganiriye bemeranya ko isi ikeneye amahoro n'umutekano, hatibagiwe no ku bitero Uburusiya bwagirizwa gukora ku buhinga bwa none muri Amerika.

Uburusiya bwarundanije abasirikare 70.000 ku rubibe na Ukraine mu gice c’ubuseruko nkuko Amerika ibivuga. Abategetsi ba Amerika bakeka ko Ukraine ishobora kuzoterwa mu ntango za 2022.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri Amerika yavuze ko Amerika izokwama ishigikiye ubwigenge bwa Ukraine, hamwe n’iyubahirizwa ry’ubutaka bwayo. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG