Perezida Joe Biden na Vladimir Putin baraganira kuri Telefone kuri uyu wa kabiri. Aba ba perezida babiri bategekanya kuvugana ku makenga Amerika ifise yuko Uburusiya bugamije gutera Ukraine.
Abasesenguzi muvya politike bibaza ko ikintu nyamukuru Putin yoba agamije ari ukugabisha Amerika ko Ukraine, yahoze muri reta zunze ubumwe z’abasiviyeti idakwiye kwinjira mu murwi OTAN nkuko ibihugu vyo mu burengero bivyipfuza.
Iperereza rya Amerika rivuga ko abasirikare b’Uburusiya bangana 175.000 bashizwe ku rubibe kandi bategekanya gutera Ukraine mu ntango za 2022.
Biden na Putin bategekanya kuganiro sasita z'umuhingamo wo kuri uyu wa kabiri mu masaha ya Washington.
Abo bategetsi baheruka kubonana mu 2011 mu Burusiya no mu 2014 i Geneve, aho bavuganye kuri ico kibazo nyene ca Ukraine.
Facebook Forum