Uko wahagera

Amakungu Arashima Urubanza Rwaciriwe Uwishe George Floyd


george floyd
george floyd

Amakungu yagize ico ashikiriza, inyuma y’aho kuwa kabiri uwahoze ari umuporisi mu gisagara ca Minneapolis, reta ya Minnesota, muri Amerika, Derek Chauvin yegetsweko ivyaha vyo kwica umwirabure George Floyd mu mwaka uheze.

Michelle Bachelet, umukuru w’akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu kajejwe agateka ka zina muntu yavuze ko urwo rubanza rwaciwe mu kuri. Yavuze ko iyo rucibwa ukundi vyari kuba ari akamaramaza.

Mu nama nshingamateka y’Ubwongereza, umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson, nawe yashimye urwo rubanza rwaciwe.

Reta y’Ubufaransa yavuze ko amakungu ashima ingingo yafashwe n’ubutungane. Umuvugizi wa reta, Gabriel Attal, yavuze ko ivyashikiye Floyd vyajabutse imbibe za Reta zunze ubumwe za Amerika, ko n’iyi ngingo ya sentare yashimwe no hanze y’imbibe za Amerika.

Muri Afrika y’Epfo, ababa mu gisagara ca Johannesburg babwiye Ijwi ry’Amerika ko bashimye urwaciriwe uwahoze ari umuporisi, Chauvin. Bavuga ko hakwiye kugira igikozwe kugira ubwicanyi nk’ubwo busezererwe no muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG