Uko wahagera

Nijeriya: Reta Yiyemeje Kubohoza Abanyeshure Bagifiswe na Boko Haram


Amazina y'abanyeshure b'abakobwa bo kw'ishure rya Chibok banyurujwe na Boko Haram.
Amazina y'abanyeshure b'abakobwa bo kw'ishure rya Chibok banyurujwe na Boko Haram.

Perezidansi ya Nijeriya yiyemeje kubohoza abanyeshure 112 b’abakobwa bakiri mu vyara vy’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram, kuva uwo muhari ubanyuruje mu gisagara ca Chibok, haraheze imyaka indwi. Abanegura ubutegetsi bavuga ko ata nguvu ziriko zirashirwa mu kurondera abo bana, ubu basigaye ari abagore.

Kuri uyu wa kane, imyaka indwi irarumanye abakobwa b’abanyeshure 276 biga kw’ishure rya reta ryo mu gisagara ca Chibok, muri reta ya Borno banjurujwe.

Abategetsi bavuga ko biyemeje kubarondera no kubohoza 112 bakiri mu minwe y’abo barwanyi.

Muri iyi ndwi, hibukwa imyaka indwi banyurujwe, abavyeyi b’abataraboneka bahuriye kuri iryo shure basenga kugira abana babo bagarukanwe amahoro.

Mu mezi aheze, inyuruzwa ku bwinshi ry’abanyeshure ryabaye mu buraruko bwa Nijeriya ryatumye amashure yugarwa.

Raporo nshasha y’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa muntu, Amnesty International, ivuga ko amashure arenga 600 mu buraruko bw’igihugu yugaye kubw’umutekano muke kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG