Uko wahagera

Abakozi ba Ambasade ya Myanmar i Washington Biyunze n'Abiyamiriza Kudeta


Myanmar Embassy Washington DC
Myanmar Embassy Washington DC

Abakozi batanu ba Ambasade ya Myanmar i Washington bavuze kuri uyu wa kane ko bifatanije n’umugwi w’abanyagihugu bateye kubiri na reta ya gisirikare yatembagaje reta yitorewe n’abanyagihugu.

Mu butumwa bashikiririje hamwe kuri Facebook, abo bakozi ba ambasade bavuze ko bagiye gukorana n’abo bihaye ingingo yo kurwanya ubutegetsi badasheshe amaraso.

Abo bakozi ni Zin Phone Tint, Thet Htar Mya Yee San, Kyu Kyu Myint, Kyaw Swar Tun na Su Su Aung.

Bavuga ko bababajwe n’iyo kudeta hamwe n’amabi ariko akorerwa abari mu myiyerekano, bagasaba kandi ko hagaruka reta irongowe n’abasivile mu kwubahiriza ivyavuye mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe, 2020.

Uwundi mukozi wa Ambasade ya Myanmar i Berlin, mu Budagi, Myat Zar Zar Khaing, yanditse kuri Facebook kuri uyu wa kane ko ynawe ifatanije n’abari mu myiyerekano irwanya reta y’abasirikare.

Aya matangazo y’aba bakozi ba ambasade ya Myanma ashikirijwe mu gihe iyo myiyerekano yasubiye kuri uyu wa kane, inyuma y’umusi ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryise uwasesetsemwo amaraso menshi kuva haba kudeta kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG