Intumwa idasanzwe ya ONU kuri Myanmar ivuga ko abantu hafi 38 bishwe mu bice bitandukanye mu gihugu kuri uyu wa gatatu mu wundi musi w’imyiyerekano yiyamiriza akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi.
Umupfasoni, Christine Schraner Burgener, yavuze ko ubwicanyi bwo kuri uyu wa gatatu ari bwo bwa mbere buhitanye benshi kuva haba kudeta kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa kabiri.
Abajejwe umutekano bavuga ko bakoresheje amasasu atica n’ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abantu, ariko ababibonye bavuze ko n’amasasu yica yarashwe mu bari mu myiyerekano.
Myanmar imaze ukwezi kurenga mu ruhagarara n’ubwicanyi, kuva aho igisirikare gitembagarije reta y’abasivile no gufunga umutegetsi Aung San Suu Kyi hamwe n’abandi bategetsi bakuru b’umugambwe NLD wari ku butegetsi.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi gategekanya gukorana mu mwiherero kuri uyu wa gatanu ku kibazo ca Myanmar.
Facebook Forum