Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yavuze ko aneguye yivuye inyuma igitero cahitanye ambasaderi w’Ubutaliyano muri Republika ya demokarasi ya Kongo kandi ahojeje imiryango y’abahaburiye ababo.
Umuvugizi wiwe, Stephane Dujarric, yavuze kuri uyu wa mbere ko Guterres yasavye reta ya Kongo guca itohoza ku bakoze ico gitero ku bakozi ba ONU kandi barengutswe imbere y’ubutungane.
Yabwiye abamenyeshamakuru ko agace ambasaderi yiciwemwo karimwo imirwi myinshi yitwaje ibirwanisho, kandi ko hataramenyekana ababikoze.
Ambasaderi Luca Attanasio, yaguye mu mutego w'abantu bitwaje inkoho muri teritwari ya Nyiragongo, hafi y'igisagara ca Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru, mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.
Ishami rya ONU ryita ku bifungurwa, PAM, rivuga ko abandi bantu bashika kuri babiri bapfuye n’abatari bake bakomeretse muri ico gitero.
Umuvugizi wa ONU yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abo bandi bantu babiri ari umutaliyani hamwe n’umushoferi w’umukongomani. Avuga ko ico gitero cari gitumbereye imodokari zibiri za PAM zari zigeze ku bilometero 25 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Goma. Nta muhari uriyitirira iki gitero.
Facebook Forum