Ikiganiro Murisanga n'Umupfasoni Lydia Sentamo Ininahazwe aherutse gusohora igitabo yise, La Cicatrice. Muri ico gitabo, Madamu Lydia aragaruka ku makuba yaciyemwo mu rwimo rwo mu 1993 mu Burundi rwamutwaye abaryango biwe batari bake, rukamutuma ahungira mu bihugu bitandukanye. Aho yahungiye hose ntiyigeze aharonkera amahoro kuko hambavu yo kuhasanga ingwano, yagiye arahura n'ikibazo c'abamuhora ubwoko bwiwe n'abadatahura igituma avugana n'abakomoka mu bwoko bwamugiriye nabi. Lydia yarakomeretse ku mubiri no ku mutima, ivyo arabirengera, ahitamwo kubaho yumvisha abandi ko ata wukwiye guhorwa uko yavutse canke ivyiyumviro vyiwe. Yabayeho umwanya munini ahisha inkovu yo mu mutwe yatewe n'abamwiciye se wiwe na basaza biwe, harimwo uwamupfiriye iruhande. Ubu iyo nkovu ntakiyihisha: Mu kiganiro yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, Lydia Sentamo yashimangiye ko yababariye abamugiriye nabi naho kwibagira ivyo yaciyemwo bigoye.