Uko wahagera

Navalny Yaciriwe Igifungo c'Imyaka Irenga Itatu


Alexei Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya arindiriye ko sentare ishiriza urubanza
Alexei Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya arindiriye ko sentare ishiriza urubanza

Sentare mu Burusiya yaciriye umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexey Navalny, igifungo c’imyaka itatu n’igice. Reta y’Uburusiya yirengagije akamo k’amakungu hamwe n’abo mu gihugu hagati basaba ko arekurwa.

Bivanye n’uko yari yarigeze kumara amezi 10 apfungiwe icamaso mu rugo iwe, iyi ngingo ya sentare isigura ko Navalny agiye kuzomara imyaka ibiri n’amezi umunani mu mvuto.

Sentare imwagiriza guca kubiri n’amategeko igihe yabohorwa ivy’agateganyo mu rubanza rwo mu 2014, mu kutabwira abategetsi b’amabohero aho yari igihe yatwarwa kuvurirwa mu Budagi yahawe ishano.

Uwo munyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi yamye yisigura ko urubanza yaciriwe mu 2014 rwari rushingiye kuri poritike, ko wari umugambi wo kumubuza kwitoza nk’umukuru w’igihugu.

Abanywanyi biwe bari bahamagariye imyiyerekano igihe urwo rubanza rwasomwa, ariko bashwiragijwe n’igiporisi aho bari hafi ya sentare no mu mabarabara yo mu micungararo.

Abantu barenga 350 bahagaritswe kuri uyu wa kabiri, kandi n’abamenyeshamakuru bigenga bo mu Burusiya bari mu bapfunzwe naho bari bafise ibibaranga muri uwo mwuga.

Navalny yatawe mu mvuto mu kwezi guheze agishika ku kibuga c’indege i Moscou avuye mu Budagi aho yamaze hafi amezi atanu ariko aravurwa, inyuma yo guhabwa ishano igihe yariko aja muri Siberiya mu kwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG