Polisi y’Uburusiya yataye muri yompi abarenga ibihumbi bitatu bazindukiye mu myiyerekano y’abasaba irekurwa rya, Alexei Navalny, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu.
Mu gihe polisi yari yihanangirije iyo myiyerekano mu ndwi iheze, uno munsi yugaye ibituro vya gari ya moshi bigera kuri indwi, yongera igabanya uruja n’uruza rw’abagenda n’amaguru ku murwa mukuru Moscow. Amwe mu maduka, amazu y’uburiro yo kuri uwo murwa mukuru nayo nyene yugawe.
Navalny yahagaritswe mu kwezi kwa mbere akiva mu Budagi kwivuza ishano yemeza ko yahawe na Reta y’Uburusiya. Ni ivyagiriji ubutegetsi bw’ico gihugu bubandanya kwamirira kure.
Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika hamwe n’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya vyateye ivyatsi ifatwa ryiwe bisaba ko arekurwa atakirinze gusabwa. Mu butumwa umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yanebaguye inguvu zikoreshwa na polisi mu kuburizamwo iyo myiyerekano n'iburabuzwa ry' abamenyeshamakuru.
Bitegekanijwe ko Alexei Navalny atavuga rumwe na Reta ya Vladimir Putin arenguka imbere y’ubutungane ku wa kabiri w’indwi iza.
Facebook Forum