Uko wahagera

Murisanga kw'Iragi Perezida Pierre Buyoya Asize


Murisanga kw'Iragi Perezida Pierre Buyoya Asize
please wait

No media source currently available

0:00 0:59:59 0:00

Majoro Petero Buyoya yahoze ari perezida w’Uburundi yashingurwanye iteka kuri uno wa kabiri i Bamako ku murwa mukuru wa Mali. Muri Murisanga yatunganijwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, murumva ubuhamya bw'abo bakoranye barimwo Domitien Ndayizeye yahoze ari Perezida w’Uburundi akaba yaranabaye icegera ca Nyakwigendera Buyoya mu kiringo c’imfata kibanza cashizweho n’amasezerano ya Arusha, Astere Girukwigomba yabaye umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta ya Buyoya kuva mu 1998 gushika mu 2000, yongera aramustwa ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro ku ntwaro ya mbere ya Majoro Buyoya (1991-1993), Libere Bararunyeretse yatwaye umugambwe Uprona ku ntwaro ya Buyoya, aba umukuru w’Inama Nshingamateka yongera anaba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu n'uw'intwaro yo hagati mu gihugu ku ntwaro y'Umuhisi Buyoya na David Gakunzi, umwanditsi yafashije Nyakwigendera kwandika igitabo “ Mission Possible”.

XS
SM
MD
LG