Uko wahagera

USA: Koleji y'Abatora Iremeza Joe Biden nka Perezida Kuri uyu wa Mbere


Intumwa zihagarariye abatoye ni zo zemeza amajwi ya perezida yavuye muri za reta
Intumwa zihagarariye abatoye ni zo zemeza amajwi ya perezida yavuye muri za reta

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, intumwa z’abanyagihugu, canke Koleji y'abatora, kuri uyu wa mbere, zitegekanya gurakorana kugira zitore umudemokrate Joe Biden nka perezida agiye gukurikira w’Amerika.

Ariko Perezida Donald Trump arabandanya ahakana ivyavuye mu matora yo kw’italiki zitatu ukwezi kwa cumi na kumwe. Abanywanyi biwe ku musi wa gatandatu barongeye gushwara amabaraba y’umurwa mukuru Washington mu ntumbero yo gutera intege perezida mu twigoro twiwe two kugerageza araba ko hari icohindura ibiharuro vyavuye mu matora.

Uguhakana ivyavuye mu matora muri Amerika kudadanurwa nuko intumwa z’abanyagihugu, ziserukira amareta 50 zose zikoranye zigatora. Kiretse amareta abiri gusa, intumwa za reta zose ziremeza perezida yatsinde muri reta yabo. Hihwejwe ibiharuro vyemejwe, Biden yatsindiye intumwa 306 z’abatoye, arenza amajwi 36 kuyasabwa ngo atsinde, ugereranije na perezida yatahukanye amajwi 232 y’intumwa.

Mu gihe ata bikorwa vy’ubutungane vyotevya urwo rubanza, izo ntumwa ziserukira abanyagihugu mu mareta ziremeza intsinzi ya Biden kuri uyu wa mbere.

Sentare ntahinyuzwa y’Amerika hamwe n’amasentare akukira amareta yarahakanye ibirego Perezida Trump n’abamushigikiye bashikirije ko amatora mu mareta afise igihagararo mu majwi yabayemwo ubusuma.

Ku musi wa gatandatu, ibihumbi vy’abanywanyi ba Trump barakoraniye i Washington mu myiyerekano kandi baririmba bavuga ko Trump aguma ku butegetsi. Imyiyerekano nk’iyo yarabaye no mu yandi maretaTrump yatsinzwemwo imanza zose yashinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG