Uko wahagera

Kameruni: Umwe Yishwe mu Matora mu Ntara Ziharanira Kwiyonkora


Ubugizi bwa nabi n’ubwicanyi ni vyo vyaranze amatora ya mbere yabaye kuri uyu w’Imana muri Kameruni, atumbereye kugena abakuru b’amanama y’intara. Umuntu umwe yishwe n’abaharanira kwiyonkora mu ntara yo mu buraruko bushira uburengero ivugwamwo icongereza.

Perezida Paul Biya yizigiye ko aya matora ari inyishu ku bamuneguye ko atitaho intara 10 zo muri ako karere kandi yananiwe kurangiza intambara n’abo bahiga kwiyonkora.

Abategetsi bavuga ko ayo matora yitabiriwe ku bwinshi n’abayoboke ba Perezida Biya kandi bizotuma imigambi afitiye ako karere ironka inguvu.

Abarwanyi baharanira kwitandukanya ku gihugu bariyemeje gutoba ayo matora kandi bahiga guhagarika uwo wese azoyitabira.

Bishe umutegetsi umwe wo muri ako karere yari yagiye gutorera hanze y’igisagara ca Bamenda mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu bategetsi bashaka kwiyonkora, Cho Ayaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG