Reta ya Senegal yavuze ko itewe ubwoba n’igwirirana ry’abimukira bipfuza kuja mu bulaya. Inyuma y’aho habereye ivyago vy’abantu bapfiriye mu mazi mu ndwi iheze ku nkengera z’ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.
Mw’ijambo yashikirije ku wa mbere, umuvugizi wa reta ya Senegal, Ndeye Ticke Ndiaye Diop, yavuze ko ibitigiri vy’ubwato bw’abimukira bwafashwe uku kwezi mw’ibahari buriko bwerekeza mu Bulaya vyiyongereye.
Ku musi wa gatanu, ubwato bumwe bw'imbaho bwarahiye bugeze ku birometero 80 mu bumanuko bw’igisagara ca Mbour, nkuko uwo muvugizi yavuze.
Perezida wa Senegal, Macky Sall yavuze ko iryo sanganya ryahitanye abantu 10 mu gihe ibindi binyamakuru mu gihugu vyavuze ko abapfuye barenga kure n’iyo.
Igisirikare ca Senegal gikorera mu mazi cavuze ko carokoye 51, ariko nticavuze igitigiri c’abari muri ubwo bwato.
Reta ya Senegal ivuga ko hagati y’itariki y’indwi ukwezi kw’icumi kugeza kuwa gatanu w’indwi iheze, abasirikare bakizura ibahari batabaye abantu 388 mw’ibahari.
Ishirahamwe ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM rivuga ko kuva mu kwezi kwa mbere gushika mukw’icenda, abantu hafi 251 bamaze gupfa bariko barajabuka ku mugabane wa Bulaya, ugereganije n’210 bapfuye mu mwaka uheze.
Facebook Forum