Uko wahagera

Tuniziya: Abashika 22 Barapfiriye mu Mazi Bageregeza Kuja Ibulayi


Abimukira b'abanyetuniziya
Abimukira b'abanyetuniziya

Ibiziga bitari bike vyaratowe kuri uyu wa mbere inyuma y’aho ubwato bwarimwo abimukira buzamiye ku nkengera za Tuniziya. Umutegetsi mu butungane yavuze ko abantu bazamye ari 13 mu gihe icenda muri bo bakironderwa irengero.

Abantu indwi batabawe inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye ku musi w’Imana mw’ibahari Mediterane ku nkengera y’igisagara ca Sfax muri Tuniziya.

Ubwo bwato bwarimwo abantu 29, harimwo abanyetuniziya babiri hamwe n’abavuye mu bihugu vya Afrika yo munsi ya Sahara, nkuko umuvugizi wa sentare ya Sfax Mourad Turki,yabivuze.

Ubwenegihugu bwabo hamwe n’igihugu ubwo bwato bwandurukiyemwo ntibiramenyekana, kandi abagenzura inkengera z’amazi baracabandanya kurondera ababuriwe irengero.
Mubazimiye harimwo abana batatu, barimwo uwufise munsi y’amezi atandatu.

Ibitigiri vy’abimukira bagerageza kuja ku mugabane wa Bulaya baciye muri Tuniziya vyariyongereye kuva mu 2017, benshi batwarwa no kuba mu bihugu vyabo hari ibibazo vy’ubukene.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati wa Tuniziya yavuze ko baburijemwo incuro 32 abantu bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane hagati yo kuwa gatandatu no kuw’Imana mu gitondo.
Uwo mushikiranganji avuga kandi ko kuva mu ntango za 2020, abarenga 8 500 bafashwe bariko bagerageza kuja i Bulaya baciye mu mazi buririye muri Tuniziya, barimwo 2 104 bava mu bindi bihugu atari Tuniziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG