Uko wahagera

Perezida Ramaphosa Asabira Afrika Guserukirwa Bikwiye muri ONU


Cyril Ramaphosa
Cyril Ramaphosa

Perezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa kuri uyu wa kabiri yasavye ko Afrika yoserukirwa ku rugero runini mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kandi igahabwa imfashanyo zihagije mu gihe iriko irahangana n’umugera wa Covid-19.

Perezida Ramaphosa yavuze ko abari muri ako kanama badaserukira isi yose kandi ko amatati amwe yo kw’isi azotorerwa umuti mu gihe habaye ihinduka, isi yose igaserukirwa.

Ramaphosa, arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yateye ako kamo mw’ijambo yashikirije inama ya bose ya buri mwaka y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Afrika y’epfo iri mu mwaka ugira kabiri mu ntebe itamaho muri ako kanama ka ONU kajejwe umutekano.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, nawe nyene yarateye akamo nk'ako mw’ijambo ryiwe ku musi wa mbere. Yasavye kandi ONU guhagarika amacakubiri y’amoko no kutihanganiranira bigaragara kw'isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG