Uko wahagera

Inama Rusangi Ngarukamwaka ya ONU Ibera kw'Ikoranyabuhanga


Inama rusangi ngarukamwaka ya ONU igeze ku munsi wayo wa kabiri. Kuva iryo shirahamwe ryashingwa haraheze imyaka 75, ni ubwa mbere abakuru b’ibihugu n’amareta baza gushikiriza amajambo yabo babicishije ku buhinga bwa none bwa videwo. Izi mpinduka zitewe n'ikiza ca Virusi ya Corona.  

Perezida wa Brezile ni we wabimburiye abandi n’ijambo ryiwe, akurikirwa nkuko vyama na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, igihugu kirimwo icicaro ca ONU. Ku rutonde rw’abavuga uno munsi inyuma ya Perezida Donald Trump haza gukurikira Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya, Xi Jinping w’Ubushinwa na Vladmr Putin w’Uburusiya hama haze Emmanuel Macron w’Ubufaransa.

Ku rutonde dukesha abakorera muri ONU, bitegekanijwe ko perezida w'u Rwanda avuga uyu munsi ku mugoroba w'ijoro. Naho ijambo ry'Uburundi ritegekanijwe mu ndwi iza.

Naho amajambo y’abo bategetsi ataza kuba imbonankubone, abaserukira ibihugu vyabo muri ONU bo baza kuba bari ahasanzwe habera ino nama. Baza kwicara bahana umwanya kandi bapfutse iminwa yabo mu ntumbero yo kwirinda virusi ya Corona.

Yugurura ino nama ejo ku munsi wa mbere wahuriranye n’isabukuru y’imyaka 75 ONU imaze ishinzwe, umunyamabanga mukuru w’iri shirahamwe mpuzamakungu, Antonio Guteress, yavuze ko muri iyo myaka iryo shirahamwe ryageze ku bitari bike naho hari ibikirihanze. Muri vyo bikirikomereye, harimwo ikiza ca COVID-19 gihangayikishije isi: Aha yagiriyeko ahamagarira abakuru b’ama Reta gusenyera ku mugozi umwe mu ntumbero yo kugituza.

Mu bigikomereye ONU, Gutteres yadondaguye kandi ikimurwa rifatiye ku gitsina mu bihugu bimwe bimwe, ihindagurika ry’ibihe, ubukene mu banyagihugu, amatati hagati y’ibihugu n'uturere, ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda, ikoranabuhanga ryateye imbere ariko uko gutera imbere kukaza kubangamira iyindi mishinga y’iterambere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG