Abatabara kuri uyu w’Imana batoye ibiziga vya mbere vy’abacukura ubutare basenyukiweko n’imisozi mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo.
Umukuru w’igisagara ca Kamituga, kirimwo ahacukurirwa ubutare, mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, Alexandre Bundya, yavuze ko batoye ibiziga vya mbere 14.
Buramatari w’iyo ntara yavuze ko abacukura ubutare 50 bapfuye, bagotewe mu kuzimu, igihe imvura nyinshi yavogera aho babwimbira ku musi wa gatanu.
Bundya yavuze ko atazi igitigiri c’abariko barimba ubutare ico gihe c’imvura y’imyuzure, ariko imiryango 19 yariko irarondera abayo babuze.
Amasanganya nk’ayo mu macukuriro y’ubutare muri Kongo arakunda kuba kandi agahitana ubuzima bw’abantu.
Mu kwezi kwa gatandatu 2019, abantu bashika 39 barapfuye baguweko n’ubutaka bariko bacukura ubutare i Kolwezi, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’intara ya Katanga.
Facebook Forum