Uwundi mukozi wo mu gisata kijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yerekanye amakenga afise ku kiganiro Perezida Donald Trump yagiranye na mugenzi we wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy mu kwezi kw’indwi.
Umushingwamanza wiwe Mark Zaid, aserukira n’uwundi mukozi wa mbere yashize ahabona ayo makuru, yavyemeje mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika.
Zaid yashikirije ko uwo mukozi agira kabiri akorera iperereza afise ivyemeza vyo ku rwego rwa mbere, ku vyagirizwa Trump ko yikoze ku ma reta y’abanyamahanga kugira acafuze Joe Biden, uwo bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu 2020.
Gushika ubu, Trump yamye avuga ko uwamwagirije wa mbere, yaje afise amakuru yahawe n’abandi kuri ico kiganiro yagiranye kuri telephone na perezida Zelenskiy.
Facebook Forum