Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yashikirije kuri uyu wa kane ko afise ubwoba bw’uko Libiya impera n’imperuka izobamwo intambara hagati y’abanyagihugu mu gihe atacokorwa vuba kugira intambara irangiye.
Aremeza ko hakenewe imfashanyo y’amakungu mu kurondera inyishu iciye mu mwumvikano wa poritike mur’ico gihugu, aho abasirikare bari ku ruhande rwa Khalifa Haftar batanguje urugamba rwo gufata umurwa mukuru Tripoli ugenzurwa na reta yavuye mu mwumvikano kandi ishigikiwe na ONU.
Ugutana mu mitwe mu micungararo ya Tripoli kumaze guhitana ubuzima bw’abantu igihumbi abandi ibihumbi ijana na mirongo ibiri barapfa kuva izo ntambara zitanguye.
Muri raporo yiwe, Guterres yanashikirije amakenga ku mpunzi n’abimukira bazibiriwe muri Libiya, ko bakwiye kurekurwa bagahabwa uburaro bwiza imbere yuko bahabwa ubuhungiro canke gusubizwa mu miryango yabo.
Facebook Forum