Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yarahagaritse urugendo Nancy Pelosi arongoye inama nshingamateka ya Amerika yari yateguye kugira muri Afghanistani ni Buruseli mu Bubiligi ejo kuwa kane, ikivugwa ko ari ukwihorana gufatiye kuri politike ifatiye kw’ihagarikwa ry’imirimo ya reta rigiye kwinjira mu ndwi ya gatanu.
Mu rwandiko ku mukuru w’inama nshingamateka, Trump yarankiye Pelosi n’abandi bashingamateka gukoresha indege ya gisirikare mu rugendo rwo kuja kubonana n’ibihugu vya OTAN i Buruseli hamwe no kuraba abasirikare ba Amerika muri Afghanistani. Trump asigura ko vyoba vyiza urwo rugendo rwigijwe kurindi sango, kuko abakozi ba reta ibihumbi 800 batarasubira ku buzi bwabo.
Ibi bibaye mu gihe ku munsi wa gatatu, Nancy Pelosi yandikiye Trump ko yoba arabangiriye gushikiriza ijambo ku banyamerika ryiswe State of Union, ryari ritegekanije kw’italiki ya 29 z’ukwezi kwa mbere mu ngoro y'inama nshingamateka, atanga imvo z’uko reta itararonswa amafaranga ikoresha kandi ibikorwa bitari bike vyahagaze.
Uku kwihorahorana hagati y’ibiro vy’umukuru w’igihugu n’umukuru w’inama nshingamateka kwerekana ko ata muti uriko uraboneka kw’iyugururwa vy’ibikorwa bimwe bimwe vya reta bigiye kwinjira mu ndwi ya gatanu vyarahagaze.
Kuri uyu wa kane nyene, Trump yarahagaritse ingendo z’intumwa za Amerika mu nama y’ubutunzi izobera i Davos, mu Busuwise. Urundi rwahagaritswe ni urugendo rw’umushikiranganji w’ikigega ca reta, Steve Mnuchin, urw’uw’imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo, urw’uwo ubudandaji Wilbur Ross zari zitegekanijwe mu ndwi iza.
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri White House, Sarah Sanders yavuze ko Trump yipfuza ko abo bategetsi baguma mu gihugu bafasha ivyokenerwa mur’iki gihe imirimo ya reta yahagaritswe.
Facebook Forum