Zimbabwe mu Bukene Budasanzwe bw'Umuyagankuba

Reta y’igihugu ca Zimbabwe yafashe ingingo uno musi ku wa mbere yo guca umuyagankuba mu kiringo c’amasaha atari make ku musi mu gihugu. Ni mu gihe urugero ruri hasi rw’amazi ku rugomero rw’umuyagankuba n’ibikoresho bishaje biriko bigeramira kurushiriza ibibazo vy’ubutunzi ico gihugu gifise.

Umuyagankuba uzocika hagati y’isaha cumi n’imwe yo mu bucagucagu n’isaha zine zo mu gitondo no hagati y’isaha cumi n’imwe zo ku muhingamo n’isaha zine zo mw’ijoro.

Ico kiringo gishobora kuba kirebire kurushiriza hamwe umuyagankuba wogabanuka kurushiriza. Ivyo ni mu ntumbero y’ugutuma ivyuma vyose bitanga umuyagankuba mu gihugu bitayanzara.

Impamvu itangwa ku bijanye n’ukutaboneka mu buryo buhagije bw’umuyagankuba ni urugero ruri hasi rw’amazi ku rugomero rw’umuyagankuba rwa Kariba. Ivyo biterwa n’ukuba ibikoresho kuri urwo rugomero bishaje.

Abagira imirimo y’ubudandaji baragabisha ko gutanga umuyagankuba ku rugero bishobora gutuma ibibazo vy’ubutunzi biri muri Zimbabwe biyanzara. Ni mu gihe Zimbabwe ifise ibibazo bikomeye vy’ibitoro.

Ubutunzi muri Zimbabwe bwagiye busubira inyuma mu kiringo kirenga imyaka cumi.