USA Yagiriza Zimbabwe Gushimishwa n'Uruhagarara ruri mu Gihugu

Zimbabwe yatumyeko uwuserukira Reta Zunze Ubumwe z’Amerika I Harare, kugira yisigure ku vyagiriji vy’Amerika vyuko ico gihugu kiri mu biriko vyikika inyuma y’imyiyerekano y’abiyamiriza ivangurarukoba n’urugomo rwa bamwe mu ba polisi.

Ambasaderi Brian Nichols ahamagajwe inyuma y’ikiganiro umuhanuzi mu vy’umutekano w’Amerika mu biro vy’umukuru w’igihugu, Robert O'Brien, yagiranye kuri uno wa Mungu na Televiziyo ABC yagiriza Zimbabwe, Ubushinwa, Uburusiya na Irani gukokeza mu myiyerekano y’abiyamiriza iyicwa ry’umwirabure, George Floyd.

Muri ico kiganiro na ABC, Robert O'Brien yise ivyo bihugu “Abakeba b’Amerika”, vyumwihariko yagiza Zimbabwe n’Uburusiya gukokeza muri iyo myiyerekano, no kuryoherwa n’ibiriko biba muri Amerika.

Uwo mutegetsi muri ico kiganiro yibasiye cane Ubushinwa na Zimbabwe. Ntaco Ubushinwa buravuga kuri ivyo vyagiriji. Ku ruhande rwa Zimbawe, umuvugizi wa Reta muri ico gihugu abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yavuze ko igihugu ciwe kitibona nka mukeba wa Amerika kandi ata nyungu kibona mu kugira abakeba n’igihugu ico ari co cose n’Amerika irimwo.

Robert O'Brien yashimangiye muri ico kiganiro, ko naho “Zimbabwe n’Ubushinwa” Vyishimiye ibiriko bibera muri Amerika, abiyerekana batazokubagurwa canke ngo uwagirizwa iyicwa ryiwe akingirwe ikibabankuko “bikunze kuba muri ivyo bihugu”.

George Floyd wo mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota yashengeye ku munsi wa mbere. Amasanamu ya videwo yashizwe ahabona yerekanye umu polisi w’urukoba rwera amufukamye ku zosi, nawe agira ati: Ndabuze umwuka.