USA Vuba Iravana Sudani ku rutonde rw’Ibihugu Bishigikiye Iterabwoba

Abdallah Hamdock, umushikiranganji wa mbere wa Sudani

Abdallah Hamdock, umushikiranganji wa mbere wa Sudani

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zitangaza ko ziteguriye kuvana Sudani ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo,yabivuze inyuma y’ikiganiro yagiranye kuri terefone n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Abdallah Hamdok, aramutswa Reta vy’imfata kibanza kuva kuva mu 2019 ubutegetsi bwa Omar el-Béchir butembagaye.

Mike Pompeo ntiyatomoye ico yavuganye n’uyo mutegetsi. Gusa mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yavuze ko yizera yuko Sudani ishobora gutezurirwa mu ndwi ziri imbere.Ibi bije bikurikira icemezo ca Sudani co gushumbusha imiryango y’Abanyamerika baguye mu bitero umuhari w’iterabwoba Al-Qaïda wagavye kuri ambassade y’Amerika muri Tanzaniya na Kenya mu 1998. Ivyo bitero bikiba,Amerika yagirije Sudani kuba yarafashije uwo murwi mu kubikora