USA na Sudani Vyumvikanye ku Kibazo c'Amadeni ya Sudani

Umushikiranganji ajejwe ikigega muri Amerika, Steven Mnuchin kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok

Reta zunze ubumwe za Amerika na Sudani vyumvikanye ku vyerekeye gutorera inyishu ikibazo cayo c'amadeni ifitiye ibanki y'isi yose. Ivyo bibonwa nk’intambwe ikomeye mu nzira y’ukwogorora kw’igihugu ca Sudani mu vuyerekeye ubutunzi inyuma yuko umutegetsi yari amaze igihe atwaza agahotoro, Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 2019.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe umushikiranganji ajejwe ikigega muri Amerika, Steven Mnuchin, ari mu rugendo ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum. Abaye umutegetsi akomeye wa mbere wa Amerika agendeye ico gihugu kuva reta ya Prezida Donald Trump ikuye Sudani ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba.

Ni rwo rugendo rwa mbere rugizwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega akiri mu mabanga yiwe.Yabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok. Vyari bitegekanijwe ko abonana n’abandi bategetsi b’ico gihugu. Urwo rugendo rubaye mu gihe imigenderanire hagati ya Amerika na Sudani iriko igira intambwe zikomeye cane mu nzira ya kazoza kameze neza kurushiriza.

Urugendo rwa Mnuchin rw’umusi umwe rwashimikiye ku butunzi bucumbagira bw’igihugu ca Sudani n’imfashanyo Amerika ishobora gutanga, harimwo kworohereza amadeni y’ico gihugu.

Muri iki gihe Sudani ifitiye amakungu ideni rirenga imiliyaridi 60 y’amadolari. Kuyikurako ibirarane vy’amadeni n’ugutuma ishobora kuronka amadeni yo hanze bibonwa ko biri mu vyotuma ubutunzi bwayo busubira kunaguka.