USA: Blinken Arishura Ibibazo vy'Abashingamateka ku vya Afuganistani

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, kuri uno wa mbere arishura ibibazo vy'abashingamateka bijanye n'ivyo kuvana abasirikare b'Amerika muri Afuganistani.

Blinken aza kwishura ibibazo umurwi w’abashingamateka bajejwe ivy’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, ejo ku wa kabiri naho yishure ivy’abakenguzamateka baraba ivy’imigenderanire y’Amerika n’amakungu.

Mu bibazo bivugwa ko Blinken aza kubazwa, harimwo kumenya igituma Amerika itatahukanye abanyagihugu bayo kuva igitanga isango ryo kuvana akarenge muri Afuganistani, na cane cane mu kwa kane Prezida Joe Biden akivuga ko ategerezwa kubahiriza amasezerano Prezida Donald Trump yari yaragiranye n’abatalibani. Ayo masezerano yarimwo ko kugira intambara ihere muri Afugansitani, Amerika ibwirizwa kuvanayo abasirikare.

Abarepublikane vy’umwihariko bavuga ko ibibazo vyabo biza gushimikira ku kungene Biden yitwaye mu ndwi za nyuma zo kuva muri Afuganistani, abademokrate nabo bakaza ahubwo kumara umwanya baraba ingene Amerika yitwaye mu ntambara y’Afuganistani ku ntwaro z’abaprezida bane: abarepublikane George W. Bush na Donald Trump, hamwe n’abademocrate Barack Obama na Biden.

Joe Biden avuga ko ibikorwa vyo kuvana abasirikare biwe muri Afuganistani inyuma y’imyaka 20 vyagenze neza cane. Amatohoza yerekana ko abenshi mu banyamerika bashigikiye ingingo yo kuva muri Afuganistani, ariko batashimishijwe n’ingene ibikorwa vyo gutahukana imice itandukanye no guhungisha abanyagihugu vyagenze.

Abashingamateka bo mu mugambwe w’abarepublikane na bamwe mu bademokrate yamara ntibishimiye ingingo ya Reta, ingingo ya Joe Biden yo kuvana abasirikare b’Amerika muri Afuganistani n’ingene bamwe mu bakorera Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Afuganistani bahungishijwe.

Abanebaguye uko ibikorwa vyo kuvana abasirikare b’Amerika muri Afuganistani, gutahukana bamwe mu banyamerika bari ku butaka bw’ico gihugu no guhungisha abanyagihugu b’Afuganistani vyagenze, batanguye kwumvikana inyuma y’igitero cagabwe ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru Kabul. Ico gitero caguyemwo abasirikare b’Amerika 13, cagabwe ibikorwa nyezina bimaze gutangura

Hagati aho, abashingamateka b’Amerika bagiriza iperereza ry’igihugu kuba ritashoboye kubona ko Amerika itashe abatalibani bategerezwa guca bigarurira igihugu, ubutegetsi bwa Ashraf Ghani bugatembagara.