Mu Burundi, ishirahamwe "ONLT ou est Ton Frere" rigwanya urucuruzwa rw'abantu ryemeza ko hari umuce w'abakenyezi n'abigeme bari bakingiwe n'igiporisi inyuma yo guhakwa kuja kugurishwa mu bihugu vy'Abarabu baruhiye kujanwayo.
Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, Prime Mbarubukeye, umukuru w’ishirahamwe “ONLCT ou est Ton Frere” yemeje ko umurindi w’urucuruzwa rw’abantu wasubiye kwiyongera kuva aho ikibuga c’indege ca Bujumbura gisubiye kugururira kuwa munani ukwezi kwa cumi na rimwe.
Amenyesha ko ku munsi wa gatanu w’indwi ishize, abagera kuri 130 bajanywe mu bihugu vyo mu kigobe c’Abarabu agashimangira ko 20 bari mu murwi w’abakenyezi n’abigeme bari bafashwe bari bahagaritswe n’igipolisi bari mu nzu begeranirijwemwo imisi itanu imbere yaho mu buraruko bw’umugwa mukuru Bujumbura.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre Nkurikiye muri make yishuye ko atazi ivyerekeye aba bakenyezi bajanwe mu bihugu vy’ikogobe c’Abarabu bamaze kugezwa mu minwe y’inzego z’umutekano.
Bagifatwa icegera ciwe yabwiye abamenyeshamakuru i Bujumbura ko inzu bafatiwemwo ipanzwe n’ishirahamwe rizwi kandi ko amatohoza yatanguye.
Mbarubukeye atwara “ ONLCT ou est Ton Frere” avuga ko mu gisagara ca Bujumbura hari ayandi makaritiye atari make abakenyezi n’abigeme ndetse n’abana banyegezwamwo imbere y’ukuja kugurishwa agahamagarira igiporisi kongereza amasaka.
Uyu mugabo aramutswa rimwe mu mashirahamwe agwanya urudandazwa rw’abantu azwi cane mu Burundi ahamagarira Reta gushiraho ubuyobozi bujejwe Abarundi baja kurondera akazi hanze y’igihugu n’ugushinga ibigo bibakurikirana bizwi n’amategeko. Asanga n’igihugu cohungukira mukuronka imisoro.
Kuva muri 2015, amwe mu mashirahamwe yigenga amenyesha ko Abanyagihugu b’Abarundi bagizwe ahanini n’abakenyezi n’abigeme bagera kuri 4,000 bamaze kujanwa kugurishwa mu bihugu vy’Abarabu nka Omani, Arabiya Saudite, Koweiti na Katari.
Hagati y’umwaka wa 2018 n’uyu wa 2020, Prime Mbarubukeye avuga ko ishirahamwe ryiwe rimaze guharura abarenga 740 batwawe nk’inyagano muri ivyo bihugu.