Ibindi bihugu vyo muri Afrika vyaronse uno musi ku wa gatatu incandago za mbere zari zimaze igihe zirindiwe z’ukwikingira ikiza ca Covid-19. Ibihugu vya Kenya n’Urwanda vyaronse izo ncandago zatanzwe hisunzwe umugambi mpuzamakungu wa COVAX ugenewe kubona ko incandago zironkejwe ibihugu bikenye.
Abategetsi bo muri Afrika ntibari bashimishijwe n’ukubona ibihugu bitunze biri ku rushi bitanguza umugambi w’ugukingira abanyagihugu bavyo inyuma yuko vyigungiyeko igitigiri kinini c’incandago.
Umuyobozi w’ikigo kijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, john Nkengasong yavuze mu ndwi iheze ko Afrika izomenyekana nk’akarere ka Covid-19 niyo itashobora gukingira ibice 60 kw’ijana vy’abanyagihugu bayo umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu.
Igitigiri c’abantu bemejwe ko bahitanywe n’ikiza ca Covid-19 muri Afrika cararenze abantu 100,000 mu kwezi guheze.
Gushika ubu, ibihugu vya Ghana, Cote d’Ivoire, Nijeriya, Angola na Congo navyo nyene biramaze koronka incandago za mbere biciye mu mugambi wa COVAX, mu gihe ibindi bihugu bitari bike birimwo Mali, Senegal, Malawi na Uganda bitegekanijwe kuronka izo ncandago muri iyi ndwi.
Urwanda nico gihugu ca mbere co muri Afrika caronse incandago z’isosiyete Pfizer biciye mu mugambi wa COVAX.
Uwo mugambi wari watebeshejwe bivuye ku bitigiri vyari bigereranye vy’incandago kw’isi hamwe n’ibibazo bijanye n’ukuzitanga.
Umugambi wa COVAX wonyene ntuzoshobora kuronsa ibihugu vyo muri Afrika uko ari 54 incandago zikenewe kugira zikingire ibice 60 kw’ijana vy’abanyafrika.