Mu Burundi ibikorwa by’imyiyamamazo ku mwanya w’umukuru w’igihugu birabandanya.
Kuri uno wa gatandatu umukandida w’umugambwe UPRONA Gaston Sindimwo yiyamamarije mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi.
Muri iyo ntara akaba ahanini yamenyesheje abanywanyi biwe ko mu gihe bomuhunda amajwi agatsinda ko abanyeshure bazokwiga ku buntu kugera bakwije imyaka 16.
Yavuze ko ku mashure kandi abana bazohora bagaburirwa.
Sindimwo ikindi yashimikiyeko n’uburimyi na cane cane igiterwa njabukamazi c’ipampa n’umuceri. Yabwiye abanyabubanza ko bazoronswa ifumbire ku buntu nkuko vyahora kera kugira umwimbu wiyongere.
Uwo aserukira UPRONA mu guharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi ko niyatsinda impunzi zizotahukanwa kugira zifatanye n’abandi Barundi kwubaka igihugu kizira amacakubiri.
Amenyesha ko bazorandurana n’imizi amacakubiri afatiye ku bwoko abantu bose bakunva ko ari Abarundi aho kwitwa Abahutu, Abatutsi canke Abatwa.
Yamenyesheje kandi ko abafungiwe politike bazorekurwa, hace hakurikira igikorwa co kurekuriranira.
Abandi biyamamaje kuri uno wa gatandatu ni Agathon Rwasa yagiye mu buseruko bw’Uburundi mu ntara ya Cankuzo ahamaze imisi hanyuruzwa abanywanyi b’umugambwe CNL arongoye.
Evariste Ndayishimiye nawe yiyamamarije mu ntara ya Ngozi muri komini Kiremba ahasanzwe havuka Agathon Rwasa, nayo uwigenga Francis Rohero akaba yiyamamarije muri Rumonge mu bumanuko bw’Uburundi.