Umugambi w'Ihiganwa "European Super League" Wasambutse

Umugambi wo gutanguza ihiganwa ry'amakipe akomeye cane y'umupira w'amaguru mu karere k'Ubulaya bita, "European Super League" wasambutse. Imirwi 9 ku mirwi 12 yari yatanguje iryo higanwa yakuyemwo akarenge.

Umurwi Atletico Madrid wo muri Espanye ni wo wakuyemwo akarenge ubwa nyuma uno musi ku wa gatatu muri iyo mirwi icenda imaze kubivamwo. Imirwi yonyene isigayemwo icese ni Real Madrid, Barcelona yo mu gihugu ca Esipanye na AC Milan yo mu Butaliyano.

Ni inyuma y’uko imirwi yose ikomeye yo mu Bwongereza, isezeye hamwe na Inter Milan yo mu Butaliyano, yabaye iya mbere mu gukuramwo akarenge. Iyo mirwi yo mu Bwongereza ni Manchester United, Manchester City, Chelsea, Liverpool, Tottenham na Arsenal.

Ivyo vyabaye inyuma y’uko abakunzi, abakinyi, amashirahamwe y’umupira w’amaguru n’abanyapolitike batandukanye mu karere k’Ubulaya biyamirije bivuye inyuma iryo higanwa rishasha rya, “European Super League”. Ingingo y’ugutangaza icese itanguzwa ryayo yari yatangajwe ku musi w’Imana uheze.