Ubwoba ku Barundi Bugaraniwe ku Mupaka w’Uburundi n’u Rwanda

Abarundi hafi 100 bugaraniwe ku mupaka w’Uburundi n’u Rwanda kuva kuri uyu wa mungu ku Kanyaru. Bari batashe bavuye mu Rwanda no mu Buganda.

Igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu Burundi cababwiye ko bahonyanze itegeko ryasohowe risaba Abarundi bari mu mahanga kuba bararetse gutaha kubera ikiza c’umugera wa corona.

Abenshi muri bo ni abanyeshure bahora biga mu Rwanda no mu Buganda, bari babaye bararindira gato gutaha kubera amashure. Ariko kuko babonye igihe kibaye kirekire bahisemwo gutaha. Abandi nabo ni abadandaza bari bagiye kurangura mu Buganda.

Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika bavuze ko bafise ubwoba ko bashobora gusubizwa inyuma.