Uburusiya Bwihojeje Akamo ko Kurekura Alexei Navalny

Alexei Navalny umunyapolitike utavuga rumwe na leta mu Burusiya

Abategetsi b'Uburusiya bihojeje akamo katewe n'ibihugu vyo mu burengero bw'isi gasaba kurekura umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Alexei Navalny.

Navalny yahagaritswe inyuma y’uko atahutse avuye mu gihugu c’Ubudagi aho yari yajanywe kuvurirwa inyuma y’aho aherewe isumu.

Reta y’Uburusiya yihojeje akamo k’abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika n’ab’umuryango bw’ubumwe bw’Ubulaya, ivuga ko ihagarikwa rya Navalny ari ikibazo kiraba Uburusiya bwonyene.

Amakungu yariyamirije ihagarikwa ryiwe, asaba ko arekurwa buno nyene. Akamo k’ibihugu vyo mu burengero bw’isi kiyongeye ku cuka kibi cari gisanzwe hagati yavyo n’Uburusiya. Bimwe mu bihugu vy’Ubulaya biriko bisaba ko Uburusiya bwofatirwa ibindi bihano vyiyongera ku vyari bihasanzwe.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kabiri ko batazokwumviriza ibisabwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Uwo muvugizi yagiriza Navalny ko atubahirije amategeko y’igihugu. Amenyesha ko ari ikibazo cega igihugu ciwe conyene, ko kubera izo mvo ata n'umwe bazorekurira kuvyivangamwo.

Navalny yafatiwe mu kibanza gisuzumirwamwo passeport ku kibuga c’indege ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou inyuma y’uko ahashitse n’indege ku musi w’Imana avuye mu gisagara ca Berlin mu gihugu c’Ubudagi. Yari yajanywe kuvurirwa muri ico gisagara mu kwezi kw’umunani kw’umwaka urangiye w’i 2020. Yategetswe ku musi wa mbere gupfungwa imisi 30 imbere y’uko acirwa urubanza.

Inyuma y’uko apfunzwe ku musi wa mbere, abamushigikiye batangaje ko imyiteguro y’imyiyerekano izoba mu gihugu cose ku musi wa gatandatu iriko iraba.