Uburundi na Sudani y'Epfo Bishobora Kwirukanwa muri EAC

Abakuru b'ibihugu ba EAC kumwe n'umunyamabanga mukuru w'uyo muryango Liberat Mfumukeko akomoka mu Burundi.

Ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo biri mu nzira yo kwirukanwa mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko kubera amadeni y'intererano y'imyaka irenga ibiri ivyo bihugu biheraniye uwo muryango. Mu ndwi iheze, abashingamateka, b’uwo muryango bandikiye urwandiko (Motion) inama nshikiranganji ya EAC kugira yige ico kibazo. Biri uko mu gihe abashingamateka n’abandi bakozi bamaze amezi atatu badahembwa kubera ubukene bw'uburyo nk’uko amakuru Ijwi ry'Amerika rifise avyemeza.

Hakurikijwe ikirangaminsi c’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, umwaka w’amafaranga “Année Budgétaire” waheze italike 30 z’ukwezi guheze kwa 6. EAC yari yateguye gukoresha ayangana n’imiliyoni zirenga gato 111 z’amadolari ya Amerika. Igihugu kimwe cose muri 6 bigize uwo muryango kigasabwa gutanga intererano ingana n’imiliyoni 8 ayandi akava mu mfashanyo mvamakungu.Yamara uyu mwaka waraye uheze Uburundi na Sudani y’Epfo ata ntererano bitanze.

Ibi bihugu biracafise n’ibirarane. Uburundi buheranye ay’imyaka hafi ibiri arenga gato imiliyoni 15 z’amadolari y'Amerika, Sudani y’Epfo na co ntikitaratanga na cumi kuva cemerewe kwinjira, giheranye ayarenga imiliyoni 27 y’amadolari y’imyaka 3. Aho ni mu gihe ibindi bihugu nka Kenya ata deni na ritoya gifise, u Rwanda, Uganda, na Tanzaniya na vyo biriko biraheraheza kuriha ay’umwaka uheze, kugira bitangure kuriha ay’umwaka mushasha watanguranye n’italike 1 z’uku kwezi kw’indwi.

Ayo madeni y’ibihugu bibiri Uburundi na Sudani y’epfo yatumye ubukene bwiyongera muri uwo muryango nk’uko bivugwa n’abashingamateka. Aba mbere bamaze amezi 3 badahembwa agashirukabute bahabwa iyo bagize inama, hakiyongerako n’imishahara y’abo. Umushingamateka umwe asanzwe ahembwa ibihumbi bitandatu vy’amadolari nk’uko urwandiko rwo guhemberwako VOA rifise ruvyerekana.

Mu nama y’abo abashingamateka ku munsi wa gatanu uheze, berekanye ko n’abandi bakozi ba EAC batagihembwa neza, amasoko atakirihwa, ingendo zahagaritswe, abakozi babwirizwa kongerwa ikiringo mu kazi vyarahagaritswe n’ibindi bikenera uburyo. Umunyamabanga mukuru wa EAC Liberat Mfumukeko asanzwe aturuka mu Burundi yabwiye umunyamakuru wa VOA mu majambo make ati : “EAC nta mafaranga ifise ubu”.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Kuki Uburundi na Sudani y'Epfo?