Uburundi n'u Rwanda ku Rutonde rw'Ibihugu Binyuruza Amahera y'Ibanki y'Isi

Icicari c'Ibanki nkuru y'isi

Raporo y’abahinga karuhariwe mu vy’ubutunzi b’ibanki y’isi yose “Banque Mondiale” yerekana ko igice kinini c’amafaranga y’imfashanyo n’ingurane atangwa n’iyo Banki akunze kunyuruzwa n’ibihugu bikenye kurusha ibindi biba vyayahawe.

Ni amatohoza yakozwe mu bihugu 22 harimwo 17 vyo muri Afrika. Ayo mafaranga anyuruzwa, Ibanki y’isi ivuga ko aja kunyegezwa mu bihugu bifise ibanga ridasanzwe mu vy’ubutunzi, aho ata n’uwushobora kumenya ko kanaka yabitseyo amafaranga. Ivyo ni nk’Ubuswise, Luxembourg, Ububiligi n’ahandi nk’uko biri muri iyo raporo.

Amafaranga ashizwe muri izo banki kenshi nta nyungu akurwako canke ikaba nto, cane cane ku banyamahanga. Ibanki y’isi yose igereranya ayo amafaranga nk’ayabitswe mw’ijuru “Heaven deposits” mu congereza, canke “Paradis Fiscaux” mu gifaransa.

Ayo matohoza yerekanye ko imfashanyo canke ingurane zitanzwe n’Ibanki y’isi, mu mezi atatu akurikira, abategetsi baba bamaze gushikana kunyegeza ayo baba banyuruje.

Nko mu Burundi, abo bahinga berekanye ko imiliyoni 103 z’amadolari ya Amerika, yagiye kunyegezwa mu mabanki y’ivyo bihugu, mu myaka 10 iheze.

N’igihugu c’u Rwanda kiri kuri urwo rutonde. Iyo raporo ivuga ko amafranga yagiye kunyegezwa muri ubwo buryo, avuye ku mfashanyo canke ingurane ico gihugu cahawe n’Ibanki y’isi yose, angana n’imiliyoni 145 z’amadolari ya Amerika.

Abahinga mu vy’ubutunzi nka Faustin Ndikumana atwara ishirahamwe PARCEM rikorera mu Burundi, avuga ko inyuruzwa ry’ayo mafaranga ari agahombo gakomeye ku gihugu kiba gikenye.

Mu bihugu vyose vyakozweko amatohoza, raporo ntivuga amazina y’abatwarayo ayo mafaranga, gusa ivuga ko ari abategetsi. Icongeyeko nta gihugu na kimwe kiragira ico kivuze kuri iyo raporo.

Gusa abategetsi b’ibihugu bivugwa muri iyo bene ayo maraporo, kenshi barahakana ibivugwamwo. Ndetse bakemeza ko ata butunzi baja kunyegeza hanze.

Akarorero ni umukuru w’igihugu c’Uburundi: mu mpera z’umwaka uheze yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ata butunzi budasiguritse afise canke yoba yaranyegeje mu makungu. Petero Nkurunziza yarabajijwe ko azokwerekana ubutunzi afise niyo yarangiza amabanga yiwe.

Abahinga mu vy’ubutunzi bahamagarira inzego z’Ubumwe bwa Afrika, amashirahamwe yigenga akorera mu gisata c’ubutunzi muri Afrika n’abandi gukora uko bashoboye kwose kugira batuze ico bita kununuza umunyagihugu mutoya kuko ayo madeni anyuruzwa aheza akishurwa n’amakori atangwa n’abanyagihugu.

Ibihugu biza kw’isonga mu kunyuruza imfashanyo z’Ibanki y’isi yose muri Afrika, kuri 22 vyakozweko amatohoza n’Ibanki y’isi yose, ni Tanzaniya na Madagascar.