Uburundi Bwimye Uruhusha Abibuka Abatutsi Baguye mu Kibimba

Ahari icibutso c'abamyeshure biciwe mu Kibimba

Igenekerezo rya 21 ukwezi kw’icumi uko umwaka utashe, Uburundi buribuka perezida Melchior Ndadaye yagandaguwe kuri iyo tariki amaze amezi atatu gusa atwara Uburundi.

Kuri iyo tariki kandi imiryango, incuti n’abagenzi be n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baribuka abanyeshure barenga ijana bo mu bwoko bw’abatutsi bo kw’ishure ryisumbuye rya Kibimba bishwe baturiwe n’abari bajejwe kubarera kw’i Bubu bazira urupfu rwa Ndadaye.

Uno mwaka ku ncuro ya 27 yo kwibuka ababo, iyo miryango n'ayo mashirahamwe ntiyemerewe kuja gukurikiza uwo mugirwa. Buramatari w’intara ya Gitega yabwiye abajejwe gutunganya urwo rubanaza ko kubera invo z’umutekano ico gikorwa kitazoba.

Térence Mushano, icegera c’uwurongoye ishirahamwe AC Genoside Cirimoso ari mu bategura urwo rubanza aho mbere amenyesha ko bari banahejeje gusiga ico cibutso, amenyesha ko kubona buramatari abamenyesha ko yafashe iyo ngingo ku nvo z’umutekano kuko ico kibanza cegereye cane aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuka akunze no gushikira ari invo idafashe namba. Mushano ati biraboneka ko ari amacakubiri.

Abanyagihugu baganiriye na Radiyo Ijwi ry’Amerika bo mugisagara ca Bujumbura babona ko ari ibiterasoni kwankira ababuriye ababo mu Kibimba kuja kubunamira. Mugihe kuri uno wa 19 ukwezi kwa cumi, sentare ntahinyuzwa yakatiye abagirizwa kugandagura Melchior Ndadaye bamwe gufungwa umunyororo wo guherayo harimwo n’uwahoze atwara Uburundi perezida Pierre Buyoya, abandi bagakatirwa imyaka 20, umwe mu batuririwe aho mu Kibimba akarokoka kugeza nubu inkovu z’ubushe zitarazimangana yamenyesheje I radiyo imwe isamiranira mu Burundi ko ata cizere afitiye ubutungane bwa kino gihe. Ariko akizera ko ibintu bizotinda bigahinduka.

Abantu batandatu harimwo umuyobozi w’iryo shure ryisumbuye rya Kibimba Firmato Niyonkenguruka baciriwe urubanza rwo gupfa mu mwaka 1997 kandi koko baricwa, igihano cahavuye gifutwa mu Burundi. Abandi bagirizwa ubwo bubisha bwo mu Kibimba baridegenvya nkuko abarokotse babivuga.