Igisirikare c'Uburundi gitangaza ko hari umugwi w'abantu bitwaje ibigwanisho baturutse mu Rwanda bateye ingabo zaco muri komine Mabayi, iri mu ntara ya Cibitoke mu Buraruko bushira Uburengero.
Mw’itangazo rigufi ryasomwe kuri radiyo na televiziyo y’igihugu kuri uyu wa mbere mw’ijoro mu ndimi z’Ikirundi n’Igifaransa, igisirikare c’Uburundi cemeje ko uwo murwi “wateye Uburundi” wagavye ico gitero mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana. Nta mwidondoro w’uwo murwi igisirikare c’Uburundi catanze canke ivyahononekariye.
Major Emmanuel Gahongano atwara ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi yasomye iryo tangazo yemeje ko abagavye ico gitero baciye basubira mu gihugu c’u Rwanda.
Mu kiganiro kigufi, Olivier Nduhungirehe umunyamabanga wa Reta mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'u Rwanda n'ayandi makungu yahaye Ijwi ry'Amerika kuri terefone, yavuze ko “ivyagiriji yise ko bidafashe biza biva mu Burundi babimenyereye, kugira ico babivuzeko kwoba ari uguha agaciro ibidakenewe."
Kuva ku musi w’Imana, amakuru yari yemejwe na bamwe mu bajejwe intwaro yavuze ko hatewe ibirindiro bibiri mw’ishamba cimeza rya Kibira muri komine Mabayi. Ariko nayo nyene nta vyoba vyarononekaye yashize ahabona.
Gusa hari bamwe mu banyagihugu babwiye itangazamakuru ko biboneye abasirikare batari bake bakomeretse bariko bajanwa kuvurirwa mu bitaro vyo ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke na komine ya Mabayi. Banavuze ko hari umunani bahasize ubuzima.
Mu gihe bamwe mu banyagihugu bari bacitse ivutu, musitanteri wa komine Mabayi yarabagirishije amanama kuwa Mungu no kuwa mbere abaremesha ko ataco botinya cotuma bata ingo zabo nk’uko bamwe bari batanguye kubikora.
Iki gitero kivuzwe inyuma yaho mw’ijoro ryo kw’itariki ya gatandatu rishira iy’indwi uku kwezi, umugwi witwaje ibigwanisho bivugwa ko waje uva mu Burundi utereye ku butaka bw’u Rwanda ahitwa Bweyeye hahana urubibe na Mabayi. Abanyagihugu babwiye itangazamakuru ko hari inka zibwe.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.
Your browser doesn’t support HTML5