Uburundi Bwasubiye Kuronka Kompanyi y'Indege y'Igihugu

Kuva kuri uyu wa kane, Uburundi bwasubiye kuronka kompanyi y'indege y'igihugu inyuma y'imyaka 12 yarahagaze. "Burundi Airlines" igizwe n'isukirana rya kompanyi ya kera "Air Burundi" hamwe n'ishirahamwe rijejwe gutunganya ibikorwa ku bibuga vy'indege" SOBUGEA".

Abakozi bakorera ivyo bigo bibiri bazoronswa akazi ariko basinyishwe ama kontara mashasha. Umutahe w'ibanze urenga imiriyaridi 15 z'amafaranga y'Amarundi. Umushikiranganji ajejwe ubudandaji, ugutwara abantu n’ibintu, ivyerekeye ba mukerarugendo n’amahinguriro yavuze ko kubona ino kompanyi ivutse ari iteka ku gihugu c’Uburundi kandi ari izina bwihaye mu makungu.

Ahejeje inama n’umugwi ujejwe gusukiranya icahoze ari kompanyi y’indege y’igihugu “ Air Burundi” n’ishirahamwe “ SOBUGEA” rijejwe gutunganya ibikorwa ku bibuga vy’indege, Immaculee Ndabaneze yasiguye ko ata mpungenge n’imwe ihari ku bijanye n'ahazova indege zizoguruka.

Umupfasoni Ndabaneze arongoye ubushikiranganji buraba ubudandaji yanavuze ko mu misi iza hazotunganywa bushasha ibijanye na ba mukerarugendo agirako avuga ko kubona iyi kompanyi igiyeho mu gihe isi yugarijwe n’ikiza ca Covid-19 bitabangamye na gato.

Ishirahamwe SOBUGEA naho ririmwo imitahe ya Reta ririgenga mu kwitunganya. Mbere uyu musi hari urubanza abakozi baserukira abandi muri sendika bari bafise muri sentare rubahuza n’umukoresha wabo na cane cane ku kibazo c’ibirarane vy’uturusho two ku mishahara yabo y’imyaka itari mike.

Mu kurindira ko urubanza rwungururijwe kuwa 22 ukwezi kwa kane uyu mwaka rusasa, umushikirangaji Ndabaneze hari icadakekeranyako: uguha akazi abahora muri ryo na Air Burundi. Abafise imitahe muri “ Burundi Airlines ” ni igihugu c’Uburundi, ishirahamwe ryo gushumbusha SOCABU Reta isanzwe ifisemwo umutahe munini na sosiyete SABENA ry’Ababiligi itagikora.

Kompanyi y’indege y’igihugu c’Uburundi yari yashinzwe ubwa mbere mu 1971 ariko ija kumenyekana cane kw’izina rya Air Burundi kuva muri 1975. Indege zayo zahagaritse kuguruka kuva kuwa 5 ukwezi kw’icenda muri 2009. Air Burundi yari isigaranye indege imwe rudende ico gihe ikaba muri iyo myaka yamaze yajana ikavana ingenzi mu bihugu vy’Ubuganda n’u Rwanda.