Uburundi Bwankiye Ababirigi 60 Bakomoka muri ico Gihugu Gutaha

Ababiligi barenga 60 bafise amamuko mu Burundi barankiwe kujana n'abandi banyamahanga ku musi wa gatandatu mw'ijoro mu gihe Leta y'Ububiligi yari yarungitse indege yo kubatahana inyuma yaho hatorewe abantu batatu bagwaye corona mu Burundi.

Leta y'Uburundi nta mvo zatumye yankira abo Babiligi bafise amamuko y'Uburundi yatanze.

Indege yari yarungitswe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububiligi n’ayandi makungu yahagurutse ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye igihe c’isaha zitatu n’inusu z’ijoro.

Umwe mu bantu bari ku rutonde rw’abagenda mu gihugu c’Ububiligi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bari bahageze hafi igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Abari batoranijwe bari bujuje igipapuro ku buhinga ngurukanabumenyi nk’uko bamwe babitubwiye.

Ivyasabwa kugira Ububiligi bwemerere uwasavye n’uko yategerezwa kuba yari yagiye mu Burundi kumarayo imisi mike canke ari mu bantu basanzwe bafise ingorane z’amagara canke naho bageze mu za bukuru hamwe n’abagendana ubumuga. Bakoresha impapuro z’inzira z’Ububiligi kuko bari binjiye babanje gusaba visa.

Ababujijwe gusohoka igihugu ni abantu bafise amamuko mu Burundi n’abafise amazina y’ikirundi. Amakuru twakuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura amenyesha ko hari imiryango yatandukanijwe, abafise abo bubakanye badafise amamuko mu Burundi bagenda bajanye n’abana mu gihe abafise utubira tubiri harimwo ak’Uburundi bagumijwe ku butaka bw’ico gihugu.

Abafise ababo bankiwe gusohoka igihugu babifata nk’ihonyangwa ry’uburenganzira: "Biraduteye ubwoba, umuvyeyi wacu asanzwe agendana ingwara nyinshi none raba bamwankiye gutahuka. Ntaco vyari bitwaye ko aguma mu Burundi ariko mwibaze igihugu ubuzima bukomeza ukuri kwamye kandi bamaze gutora abanduye corona mukaba muzi uko irandagata. Ntibitahuritse na gato, nta n’insiguro baduha mwiyumvire namwe. Twebwe imitima irahagaze. Ikitumvikana n’ukuntu babuza umuntu kuja mu gihugu afisemwo umuryango wose. Nta handi ndabibona atari mu Burundi, twumiwe”, ni ko umukenyezi umwe aba i Bruxelles yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri telephone.

Kugeza ubu, Leta y’Uburundi ntiravuga icatumye iyi ngingo ifatwa. Isoko ry’Ijwi ry’Amerika mu gipolisi ritashimye ko amajwi n’amazina bishirwa ahabona kubera ritemerewe kuvugana n’itangazamakuru ryemeza ko ari ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni.

Abategetsi b’Ububiligi nabone ntibatahura kandi bemeza ko batasiguriwe imvo ziri inyuma y’iyi ngingo.

“Ubw’intango twari twateguye indege ija i Bujumbura igaca n’i Kigali. Urutonde rw’ingenzi twari twarushikirije abategetsi b’Uburundi kandi nta kibazo rwigeze rutera uko twabibona. Hageze kurira indege inyuma yo kwiyandikisha, abategetsi baciye babuza abafise ubwenegihugu bw’Uburundi n’Ububiligi kuja ku ndege. Bireteye ingorane kuko mu ntango bose bari barekuriwe gusubira mu Bubiligi. Abategetsi b’Uburundi ni ko babishatse. Kuva uyu musi tugiye kuvugana na bo tumenye icabaye vy’ukuri”, ni ko Philippe Goffin, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububiligi n’ayandi makungu yabwiye RTBF, radiyo na televiziyo y’Ababiligi bavuga ururimi rw’igifaransa kuri uyu wa Mungu ku muhingamo.

Umushikiranganji Goffin asigura ko abategetsi b’ico gihugu ca Afrika y’ubuseruko bahaye iyindi nsiguro amategeko mpuzamakungu.

“ Ku vyerekeye abantu bafise utubira tubiri, ni ko hakoreshwa amategeko mpuzamakungu yemerera abategetsi b’ubutaka bw’igihugu bariko kubafata nk’abafise akabira k'ico gihugu. Biboneka ko arivyo vyabaye. Twifuza gutahuzwa kuko mu ntango urutonde rw’ingezi zose rwari rwemewe. Ariko hari n’ugufata ko hahabwa amahirwe menshi aho umuntu aba mu gihe afise ubwenegihugu bubiri. Biragaragara ko atariyo mahitamwo abategetsi b’Uburundi bakoresheje, tugiye kugerageza gutahura icatumye giturumbuka haba ihinduka ry’ingendo ku munota wa nyuma, mwibuke ko iyi ndege yari izwi haraheze imisi kandi n’abantu bakaba bari bahejeje ibisabwa vyose harimwo n’ukwiyandikisha”

Umushikirangaji w’imigenderanire y’Ububiligi n’ayandi makungu yemeza ko bizogorana gusubira kurondera indege ija gutora abo bantu kubera bene izo ngendo zisaba uburyo n’integuro kandi igihugu ciwe kitosubira kwigerezako kiravye ivyabaye ku musi wa gatandatu.

Abatahukanywe bavuye mu Burundi bajanye n’abari i Kigali mu Rwanda bakaba bashiste i Bruxelles kuri uyu w’Imana mu gatondo baherekejwe n’abaganga babiri b’abasirikare b’Ababiligi.

Kuri uyu Mungu kandi, indege yindi yatahukanye abantu bafise akabira k’Ubudagi. Mugabo umukenyezi umwe yarankiwe kurira kubera afise amazina y’ikirundi n’ubwo ubwenegihugu bw’Uburundi yabwihakanye haraheze igihe nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’abakorera kuri aeroport y’i Bujumbura abivuga.

Kuri uyu wa mbere igihe c’isaha imwe z’ijoro naho vyari bitegekanijwe ko haza indege itwara Abanyamerika mugabo yoba yasivye ku mvo zitaramenyekana.

Mu Burundi hamaze gutorwa abantu batatu banduye umugera wa corona, umwigeme umwe n’abagabo babiri.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kanez

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwankiye Ababirigi Barenga 60 Bafise Amamuko muri ico Gihugu Gutaha