Igisirikare c'Uburundi cashikirije abategetsi b'igisirikare c'u Rwanda abagwanyi 11 b'umugwi witwaje ibirwanisho FLN urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda kuri uyu wa kabiri. Ku mupaka wa Gasenyi-Nemba ivyo bihugu bisangiye ni ho habereye ukubahererekanya.
I ruhande y’abatwara ibisata vy’iperereza mu ngabo z’Uburundi n’u Rwanda n’abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini CIRGL, abaserukiye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika na ONU, hari kandi n’abakuru b’intara za Kirundo mu buraruko bw’Uburundi hamwe n’uw’intara ya Bugesera mu Rwanda zihuzwa n’umupaka wa Gasenyi-Nemba ibihugu vyompi bisangiye.
Umukuru w’iperereza mu gisirikare c’u Rwanda yavuze ko ivyakozwe kuri uyu wa kabiri bigaragaza neza ko ibintu biriko bija mu nzira nziza hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’u Rwanda. Avuga kw’izina ry’umukuru w’ingabo z’ico gihugu, General de brigade Vincent Nyakarundi yavuze ko ari igicapo kirengeye ibihugu vy’Uburundi n’u Rwanda.
Coloneli Ernest Musaba ajejwe iperereza mu gisirikare c’Uburundi, FDNB, yagereranije abagwanyi Uburundi bwahaye u Rwanda n’abakora iterabwoba yemeza ko bashikirijwe u Rwanda kubera Uburundi bwiyemeje kugwanya iterabwoba aho riva hose.
Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5