Uburundi Buriko Burirukana Abanyarwanda Bahunze Banka Gucandarwa

Umupaka w'u Rwanda n'Uburundi ku ruhande rwa Gasenyi Nemba

Kuva Reta y'u Rwanda itangaje ko Abanyarwanda bose aho bava bakegera bategerezwa gufata incanco za Covid-19, hari Abanyarwanda batipfuza gufata izo ncandago baciye batangura guhungira mu Burundi.

Yamara no mu Burundi ntivyaboroheye kuko abategetsi bo mu ntara zihana urubibe n'u Rwanda baciye bafata ingingo yo kubasubiza mu gihugu cabo. Bulamatari w'intara ya Kirundo, Albert Hatungimana yabwiye Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije imvo zatumye abo Banyarwanda basubizwa mu gihugu cabo.

Your browser doesn’t support HTML5

Bamwe mu Banyarwanda Badashaka Gucandarwa Bahungiye mu Burundi