Uburundi Burashima Urugero Umubano Wabwo n'u Rwanda Ugezeko

Ntahorwamiye Prosper

Reta y'Uburundi imenyesha ko iyugarwa ry'ibinyamakuru bitatu vy'abanyamakuru b'Abarundi bahungiye mu Rwanda ari ingingo yafatiwe mu mubonano hagati y'abashikiranganji b'imigenderanire b'ivyo bihugu kandi ko vyayinezereje cane.

Abavugizi ba Reta n'ubushikiranganji bw'imigenderanire batangaje kuri uyu wa gatanu ko ari "ikimenyetso ciza ko imigenderanire n'u Rwanda igiye gukomeza iba myiza kurusha".

Kuri uyu wa gatanu, abavugizi b'inzego n'ibisata vy'igihugu bari baremesheje ikiganiro cabo kiba inyuma y'amezi atatu buri gihe ku bibazo vy’abanyamakuru n’abanyagihugu.

Kimwe mu bibazo vyagarutsweko ni iyugarwa ry’ibinyamakuru bitatu arivyo Inzamba, RPA na Renaissance vyakorera ku butaka bw’u Rwanda kuva abanyamakuru bavyo bahunze muri 2015 inyuma y’iturirwa ryavyo bukeye bw’ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu kwa gatanu uwo mwaka.

Sonia Ines Niyubahwe, umuvugizi w’ubushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yavuze ko ari imwe ngingo z’inama y’abashikiranganji b’imigenderanire y’Uburundi n’u Rwanda. Umupfasoni Niyubahwe ashimangira ko n’ubu ibiganiro bikomeza.

Umuvugizi wa Reta nawe yamenyesheje ko kubona ibi binyamakuru vyugarwa ari ikimenyetso gikomeye mu bijanye n’ukwiyunga hagati y’Uburundi n’u Rwanda. Prosper Ntahorwamiye yanagaruste ku rupfu rwa perezida Cyprien Ntaryamira yaguye mu ndege ari kumwe na mugenzi w’u Rwanda Juvenal Habyarimana mu 1994

Yemeje ko urubanza Uburundi bwashinze burukurikirana kandi n’amashirahamwe vyega ko aguma yibutswa.

Aba bavugizi babiri uwa Reta n’uw’ubushikiranganji bw’imigenderanire banavuze kandi ku migenderanire y’Uburundi n’ubumwe bwa Bulaya yari yatosekaye co kimwe n’iy’u Rwanda muri 2015 bemeza ko abahinga b’impande zompi bariko barakorana kandi ko hejuru y’ubushake bwa poritike hari n’ingendo nshasha mu bijanye n’imigendreranire.