Umuryango w'ubumwe bwa Afrika wahagaritse Burkina Faso mu bikorwa vyawo vyose, uvuga ko uzogumizaho iyo ngingo gushika ibwirizwa shingiro risubiye kwubahirizwa mu gihugu.
Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, riza ryarahagaritse ico gihugu, naho ritagifatiye ibihano inyuma ya kudeta yabaye kw’italiki 24 yakuye ku butegetsi Prezida Roch Kabore.
Ishirahamwe CEDEAO n’ibihugu bikorana vyo mu mahanga ryariyamirije kudeta yabaye muri Burkina Faso. Rifise impungenge ko bishobora kuhungabanya kurushiriza umutekano muri ico gihugu kigeramiwe n’ubwicanyi bukorwa n’intagondwa z’abayislamu.
Bitegekanijwe ko abaserukira CEDEAO n’intumwa y’ishirahamwe ONU bagendera Burkina Faso uno musi ku wa mbere kubonana n’abayoboye abagize kudeta imbere y’uko bafata ingingo ku ntambwe zikwirikira.
Umuryango w’ubumwe bwa Afrika uza warahagaritse ibihugu vya Mali na Guineya Konackry, inyuma y’uko abasirikare muri ivyo bihugu bagize kudeta mu mwaka urangiye w’i 2021. Kudeta muri Burkina Faso yari iya kane mu karere ko muri Afrika yo mu burengero haraheze amezi 18.
(Reuters)