Ubufaransa Bwiyamiriza "Ukudadaza" k'Ubwongereza muri Brexit

Ubufransa bwiyamirije ukudadaza kw'Ubwongereza ku bijanye n'ukuva kw'ico gihugu mu muryango w'ubumwe bw'Ubulayi. Ibiganiro hagati y’Ubwongereza n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ku vyerekeye ukwumvikana kwa nyuma ngo ico gihugu ciwuvemo ntibiriko biratera intambwe kubera Ubwongereza buguma budadaza kuho buhagaze. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufransa, uno musi ku wa mbere.

Impande zose ziriko zigerageza gushika ku masezerano imbere yuko ikiringo ntagengwako co kw’italiki 31 y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka kigera. Yamara nta ntambwe ibiganiro biriko biragira.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufransa, Yves Le Drian, avuga ko ivyo biganiro bidatera intambwe kubera ukudadaza kw’Ubwongereza. Ivyo yabitangaje mw’ijambo yashikirije abaserukira igihugu c’Ubufransa mu karere k’Ubulayi, ari kumwe na mugenzi we w’Ubudagi, Heiko Maas.

Ivyatangajwe na Le Drian ni bimwe mu binebaguro vy’abategetsi bakomeye mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi ku kugene ibiganiro n’Ubwongereza biriko biragenda.