Turukiya Iranebagura Ingingo y'Ukuyifatira Ibihano

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan

Prezida Erdogan yatangaje uno musi ku wa gatanu ko gufatira ibihano igihugu ciwe kubera caguze ku Burusiya ubuhinga bw’ukwivuna ibigwanisho vya misile S-400, kwoba ari ukutubaha igihugu kiri mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ryo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Ni inyuma y’uko hari amakuru atangajwe, avuga ko Amerika yiteguriye gufata iyo ngingo mu bishobora kuzotosekaza kurushiriza imigenderanire hagati yayo na Turkiya.

Igihugu ca Turkiya caguze ku Burusiya ubuhinga bw’ukwivuna abansi bwa misile S-400 mu mwaka w’i 2019. Abategetsi ba Turkiya bavuga ko ivyo bitageramira ibihugu bicuditse vyo mw’ishirahamwe OTAN.

Yamara abategetsi ba Reta ya Amerika siko babibona. Mu mwaka uheze barakuye ico gihugu mu mugambi werekeye indege z’ingwano, F-35.

Umwe mu bategetsi ba Amerika atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yatangaje ko Prezida wa Amerika, Donald Trump yahaye abafasha biwe uburengenzira bw’ugufatira Turkiya ivyo bihano.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Turkiya vyatangaje amakuru avuga ko Prezida wa Turkiya, Tayyip Erdogan ko ata bibazo yagize mu kiringo c’imyaka 4 Prezida Trump yari mu mabanga yiwe, kandi ko Joe Biden yatowe kuba prezida wa Amerika amuzi neza.